Episodes
Patrick Rufangura ariko ararangiza ivyirwa vyiwe vya PhD kuri kaminuza imwe muri Sydney, yakoze ubushakashatsi bushobora guhindura amateka y'isi mw'isuzumwa ry'indwara harinze gufatwa amaraso. Ng'uku uko yabisiguye.
Published 11/28/21
Published 11/28/21
Iyo visa ihabwa impfumvyi izwi nka Orphan Relative visa (subclass 117) n'imwe muri visa abimukira bashaka kuba muri Australia bosaba. Ariko ikibazo ni, Ni nde yemerewe kuyisaba? Asabwa iki?
Published 11/26/21
Mu gihe ingingo zo kurwanya COVID-19 zakuweho, bamwe batekewe n'ubwoba bwo gusubira mu buzima busanzwe. Menya bimwe ukwiye kwirinda kugira ngo udahava usanga wuzuranye ifaranga, ukabura abawe.
Published 11/22/21
Inyuma y'umwana urenga umuririmvyi A.T.M JEFF adakora cane, uwo muririmvyi arahishura ingene umuziki wamufashije mu gihe yari yataye ivyizigiro vyo kuririmba inyuma y'isanganya ryahatswe kuzimanganya ubuzima bwiwe.
Published 11/19/21
Abakiri bato mubanye Australia babandanya bisokora murico gisata ku rugero ruteye amakenga. Ivyo bikaba vyatumye ababijejwe eka n'amashirahamwe yandi guhamagarira reta ngo ikore ibishoboka ico gisata gihurumbirwe.
Published 11/14/21
Wari uzi yuko wotozwa ihadabu muri Tasmania kubera gukoresha GPS kuri terefone yawe uri mu ngendeshwa. Turabashikiriza amategeko y'ibarabara atazi ariko yogufasha kwirinda kwica amategeko mu ma barabara yo muri Australia.
Published 11/13/21
Muri Australia havugwa yuko hashobora guhagarikwa ubwoko bugera umunani bw'amabere batera mu bakenyezi, kuko ayo mabere ashobora kuba intandaro y'indwara ya cancer ifatira mu maraso, ariko gushika ubu ivyo bikaba bikiriko biratohozwa.. Ikigo Therapeutic Goods Administration (TGA) cavuze yuko kibaye gihagaritse igurishwa ryayo mabere mu kiringo c'amezi atandatu.
Published 11/13/21
Umwana umwe kuri bane mu baba muri Australia baranyuzurwa ku mashuri aho biga. Nk'umuvyeyi birashobora ku kugora mu kumenya ico wofata mu gihe umwana wawe anyuzuwe canke mu gihe anyuzura abandi. Uko biri kwose ni vyiza kugenda kurondera ubufasha kubahinga bakakugira inama.
Published 10/31/21
Inyuma y'amezi arenga ane, kominote zo muri NSW na Victoria zashize imbere izo zizobanza gukora ubwa mbere zihuye inyuma y'amezi atari make kubera ingingo zo kurwanya ikiza. Menya bimwe muvyo bashize imbere kurusha ibindi.
Published 10/30/21
Ingaruka mbi ikiza COVID-19 gisiga mu mubiri w'umuntu zirutwa n'ivyiza uruncanco rumuha. Benshi muba ny'Afrika batanguye kurinduka mu kwikingiza, aho mu misi iheze ngo wasanga no kubiyaga hagati yabo atari ku bwinshi. Kurikirana Muganga Ndayisaba uko yasiguye.
Published 10/30/21
Woba uzi amagara y'umutima wawe? Ni vyiza ko umenya inyishu yavyo kuko indwara y'umutima ihitana benshi muri Australia. Ivyigwa vyo mu 2017 vyerekana yuko umwe mubanye Australia batatu ntibazi ibimenyetso vyibanze.
Published 10/23/21
Inyuma y'imisi irenga ijana- imiryango yaratandukanijwe n'ababo, abikorera utwabo barugara, abarenga 350 barapfa, ariko ibintu vyasubiye mu buryo kuri bamwe, none bamwe n'abandi bafise ivyihuta kurusha ibindi bagiye gukora. Ng'ibi.
Published 10/23/21
Abantu bafise indwara zo mu mutwe akenshi bisanga bagize ubumuga bwo k’umubiri. Zirengangijwe, indwara zo mu mutwe zirashobora guteza ibindi bibazo bikomeye cane. Ariko habonetse ubufasha ku gihe, umuntu arashobora gukira akaba mu zima kandi agakomera cane.
Published 10/15/21
SBS yatanguje igikorwa gisubiramo serivsi z’indimi ikoreshwa mu gihe ico kinyamakuru citegurira guhimbaza imyaka 50. Ivyo vyigwa bizokoresha ivyavuye muri rusansuma kugira ngo bifashe itunganywa z’indimi zizokoreshwa mu myaka itanu iza.
Published 10/15/21
Imbuga hwaniro (Social media) zahinduye ubuzima bwa benshi kuba bwiza, ariko kandi zihungabanya mbere zinamugaza benshi burundu. Ariko wari uzi yuko woshobora guhindura ikoreshwa ryazo bigahindura umwimbu w'ubuzima bwawe? Umviriza uko vyogenda.
Published 10/14/21
 Muri Ntwarante 2021, ibitigiri vy'abafise 'Bridging' viza muri Australia vyariyongeye ku rugero rutaribwabeho. None 'Bridging viza ni izahe, zoba zizanana n'ubuhe bwigenge?
Published 10/13/21
Hariho ivyiza n'imfashanyo uronka ivuye muri reta/ intara uherereyemo iyo uguze inzu ubwa mbere. Ariko iyo umaze kugura inzu ukayiriha imyaka mike, ngo har'ivyo kwitonderwa mu gihe wokwipfuza gusaba ingurane ngo urihe ideni, vyasiguwe na Dogiteri NDAYISABA Gilbert, umwigisha w'ivy'ubutunzi muri kaminuza muri Melbourne.
Published 10/09/21
Umurwi w'abantu wavuganye na SBS Kirundi washikirije ingaruka COVID-19 yabagizeko co kimwe no mu miryango. Bamwe babuze ababo, abandi nabo bibabera vyiza mu kuronka akanya ko gupfundika imigambi ya kazoza, mu gihe abandi bo mu miryango yabo bamugaye.
Published 10/08/21
Yanse ivyigwa bisanzwe ahitamo gukora umuziki, Indirimbo ziwe zari zimaze kurabwa n'ama miriyoni y'abantu, Mu gihe umuvyeyi wiwe Beltrand Habiyakare yari yahisemo kumushigikira muri viyo bikorwa vyiwe, ariko Christopher Habiyakare yagiye ibukama asiga abo bavukana mu marira menshi,.
Published 10/01/21
Ingurane ihindagurika itanga amahirwe menshi aho ushobora no gukuramo amahera, mu gihe ingurane idahindagurika ituma uriha y’amafaranga nyene mu kiringo mwemeranije. Mu gihe uhise kuvavanura niyo nyungu idahinduka, ihadabu ishobora kuba nini cane.
Published 10/01/21
Umuryango wa Paul Rusesabagina ntiwatangajwe n'ingingo yashikirijwe na sentare nkuru y'Urwanda kuri Rusesabagina. Hirya y'ingumvu Ububirigi na reta zunze ubumwe z'Amerika ziriko zirakora, uwo muryango usaba ikipe ya Arsenal na PSG guhagarika amasezerano bifitaniye n'Urwanda.
Published 09/24/21
Hamwe n’impinduka mu bijanye n’imfashanyo reta iha abantu, zitegekanijwe gushirwa mu ngiro kuva itariki 1 Nzero 2022, abahawe uburenganzira bwo kuba ngaha  bazorindira imyaka ine imbere yuko baronswa imfanshanyo na reta.
Published 09/24/21
Eimable Manirakiza, w'imyaka 24, umuhinyanyuzi w'umuziki, yakunda no gusenga cane yaburiwe irengero kuva muri Ruheshi. Ivyo vyabaye imbarutso, ikibano cose kija mu vyambu hamwe n'inzego zibijejwe, ariko vyose bidadanuka inyuma y'amezi abiri atowe mu ruzi.
Published 09/16/21
Mu gihe umugabo yugariweko imbibe mu Burundi kubera COVID-19, Aline Butoyi hamwe n'abana bane bose banduye umugera wa coronavirus barasinzikara cane> mu nzu nyene barimo harimo abandi bahungu biwe bo batigeze bandura. Bishoboka gute?
Published 09/15/21