Ikiganiro cyo kuwa 27/05/2023
Listen now
Description
Mu kiganiro c’uyu musi tuganira ku kibazo c’ihohoterwa ryo mu ngo rikorerwa abagabo mu Burundi. Iyo bavuze ihohoterwa rifatiye ku gitsina mu ngo, abantu benshi bahita bumva ko ari iritumbereye abagore n’abakobwa gusa mu Burundi, ariko ubu bitanguye kugaragara ko igitigiri c’abagabo na bo bahohoterwa mu ngo kigenda ciyongera mu buryo butandukanye. Ishirahamwe HOMME EN DETRESSE, mu Kirundi “ ABAGABO MU GAHINDA” riharanira agateka k’abagabo mu Burundi, kuva rishinzwe mu 2021 rivuga ko rimaze kwakira abagabo baryitura barenga 230. Iryo shirahamwe rivuga ko hari abicwa, abakubitwa, abirukanwa mu ngo, abangazwa eka mbere n’abiyahura. Nko kuva uku kwezi kwa gatanu gutanguye, iryo shirahamwe rivuga ko abagabo batanu bamaze kugandagurwa n’abo bubakanye. Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi mugishikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.
More Episodes
Abahanzi bo mu Rwanda Bruce Melodie na Element bakoze ibitaramo i Londres, basuye BBC
Published 06/01/24
Published 06/01/24
IRMCT yahagaritse gukurikirana abaregwa jenoside yakorewe mu Rwanda, hakurikiye iki ?
Published 05/25/24